Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 18:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Ndababwire ukuri, uwo mutozakori yatashe yemewe nk’umugororotsi imbere y’Imana, ariko kuri wa Mufarisayo si ko vyagenze. Kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ndababgire, Uwo muntu yamanutse aja i we, atsindanishirijwe kuruta wa wundi; kuk’ uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, arik’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.

Gade chapit la Kopi




Luka 18:14
39 Referans Kwoze  

Kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.”


Na we arababwira ati: “Mwebwe mwigira abagororotsi mu maso y’abantu, ariko Imana irazi imitima yanyu. Kuko ivyo abantu baha agaciro kanini ari ibisesema imbere y’Imana.


Mwicishe bugufi imbere y’Umwami, na we azobashira hejuru.


Uwishira hejuru azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.


Ariko ubuntu iduha burarengeye. Ni co gituma Ivyanditswe bivuga ngo: “Imana igwanya abibona ariko ikagirira ubuntu abaciye bugufi.”


Yakuye abatware ku ntebe z’inganji, ishira hejuru abaciye bugufi.


“Harahiriwe abumva ko bakenye mu buryo bw’impwemu, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.


Ariko ico tuzi ni uko umuntu atemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera ibikorwa vy’ivyagezwe, ahubwo abihabwa no kwizera Kristo Yesu. Natwe nyene twizeye Kristo gutyo turonka kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi kubera kumwizera, atari kubera gukurikiza ivyagezwe, kuko ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera gukurikiza ivyagezwe.


Ariko Imana ntiyemera abantu ko bagororotse, kubera ibikorwa vyabo, ibemera kubera bayizeye yo iharira abanyavyaha.


Ni co gituma ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana nk’umugororotsi, abihawe no kwubahiriza ivyagezwe. Igikorwa c’ivyagezwe ni ukutwerekana ko turi abanyavyaha.


Ariko wa muntu agomvye kwisigura, aca abaza Yesu ati: “None mugenzanje ni nde?”


Ni nde azorega abo Imana yatoranije? Nta n’umwe, kuko Imana ni yo ibahindura abagororotsi.


Kuva twemewe nk’abagororotsi imbere y’Imana biciye mu kwizera, dufitaniye amahoro na yo kubera igikorwa Yesu Kristo Umwami wacu yadukoreye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite