Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 18:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Ariko wa mutozakori ahagarara kure, ntiyubahuka no kurangamiza mw’ijuru, yamara yikubita ku gikiriza, avuga ati: ‘Mana, ngirira imbabazi, jewe umunyavyaha.’

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ariko wa mutozakori, ahagaze kure, ntiyagomba no kurangamiza ngw arābe mw ijuru, arikw arishishitira, ati Mana, ngirira ikigongwe, nd’ umunyavyaha.

Gade chapit la Kopi




Luka 18:13
45 Referans Kwoze  

Iri jambo ni iryo kwizigirwa, rikwiye kwakirwa n’abantu bose, rivuga ngo: Kristo Yesu yazanywe kw’isi no gukiza abanyavyaha, muri abo ndi agahebuza.


Rya sinzi ry’abantu bari bakoraniye aho baje gushengerera ibiriko biraba babonye ibibaye, basubira inyuma buzuye umubabaro, bishishitira.


Kuko nzobaharira ibibi vyabo kandi sinzosubira kwibuka ivyaha vyabo.”


Abari ngaho bose bavyumvise bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa bati: “Bagabo benewacu, dukore iki?”


Nuko muze twegere intebe y’Imana y’ubuntu dushize amanga, kugira ngo twakire imbabazi, turonke n’ubuntu vyo kudufasha mu gihe gikwiye.


Ariko, Imana yo yatweretse urukundo rwayo rwinshi mu gutuma Kristo kudupfira kandi tukiri abanyavyaha.


Simoni Petero abibonye, apfukama imbere ya Yesu, amubwira ati: “Mwami, igira kure yanje kuko ndi umunyavyaha!”


Nimurabe ico uwo mubabaro uvuye ku Mana wakoze muri mwebwe: wabateye umwete mwinshi, ishaka ryinshi ryo kugaragaza ko ata co mwagirizwa, kubabazwa n’akarenganyo, gutinya, inkumbu, ishaka, umwitwaririko wo kubona icaha gihanwa. Muri ivyo vyose mwarerekanye ko mwejejwe.


Nimugende mwige iri jambo ico rivuga: ‘Nshaka ko mugira imbabazi kuruta kumpa ibimazi.’ Kuko sinaje kurondera abiyumvira ko bagororotse, ahubwo naje kurondera abemera ko ari abanyavyaha.”


Agira ashikire imihana, haza abanyamibembe cumi baza guhura na we, ariko bahagarara kure yiwe.


Kandi, iyo musenga, ntimumere nka za ndyarya kuko zikunda gusenga zihagaze mu masinagogi no mu mayirabiri, kugira ngo abantu bose bababone. Ndababwire ukuri, abo baramaze guhabwa impera zabo zose.


hanyuma hakaza Filipo na Baruteremi; hagasubira Toma na Matayo umutozakori; Yakobo mwene Alufayo, na Tadeyo;


Ariko imbere y’uko mutangura gusenga, mubanze mubabarire umuntu wese yabacumuyeko, kugira ngo So wo mw’ijuru na we abaharire ivyaha vyanyu. [


Aca yigira kure gato nk’aho umuntu yotera ibuye, arapfukama arasenga ati:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite