Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 18:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Nisonzesha kabiri mu ndwi, kandi ntanga ikigiracumi c’ivyo ndonka vyose.’

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Mu misi ndwi yose nisonzesha kabiri, ntanga ikigiracumi c’ivyo ndonka vyose.

Gade chapit la Kopi




Luka 18:12
24 Referans Kwoze  

Muzobona ibara yemwe Bafarisayo, kuko mutanga ikigiracumi kuri vyose, gushika no ku mboga zo mu matongo yanyu, ariko mukirengagiza guca imanza zibereye, no gukunda Imana. Mwari mukwiye gutanga ico kigiracumi, n’ivyo bindi mutavyirengagije.


Abigishwa ba Yohana Umubatizi baraza baramubaza bati: “Ni kuki twe n’Abafarisayo twisonzesha kenshi, ariko abigishwa bawe ntibisonzeshe?”


Nuko rero namwe nimwaheza gukora ivyo mwategetswe vyose, muze muvuge muti: ‘Turi abakozi b’imburakimazi, twakoze ivyo dutegerezwa gukora.’ ”


Ukwimenyereza kw’umubiri ni kwiza, ariko ukwimenyereza kwubaha Imana ni kwiza gusumba, kugira ikimazi muri ubu buzima no mu buzoza.


Mwirinde ntimukore ibikorwa vyo kugororoka murondera gushimwa n’abantu. Kuko nimwabikora gutyo, So wo mw’ijuru ntazobaha impera.


Ntivyavuye no ku bikorwa vyiza mwakoze, kugira ngo hoye kugira umuntu n’umwe yohava yirata.


Ico gihe, nari imbere rwose mw’idini ry’Abayuda, kurusha abandi bo mu runganwe rwanje, kandi nari mfise umwete mwinshi cane wo kwitondera imigenzo ya ba sogokuruza.


Ivyo yabikoze kugira ngo ntihagire n’umwe agira ico yirata imbere y’Imana.


None twokwirata iki? Nta na kimwe! Kuko kwemerwa n’Imana kwacu ntikuva ku kwubahiriza ivyagezwe, ariko kuva ku kwizera.


Iyo mwisonzesheje, ntimwerekane ko mubabaye nk’uko za ndyarya zibigira: kuko baca bijirirwa mu maso kugira ngo abababona bose babashimire ukwisonzesha kwabo. Ndababwire ukuri: iyo ni yo mpera yonyene bazoronka.


Kandi, iyo musenga, ntimumere nka za ndyarya kuko zikunda gusenga zihagaze mu masinagogi no mu mayirabiri, kugira ngo abantu bose bababone. Ndababwire ukuri, abo baramaze guhabwa impera zabo zose.


Ndababwire ukuri, ukugororoka kwanyu niyo kutaruta ukw’abigisha b’Ivyanditswe n’ukw’Abafarisayo, ntimuzoruha mwinjira mu Bwami bw’ijuru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite