5 Intumwa zibwira Umwami Yesu ziti: “Mwigisha, twongerereze ukwizera.”
5 Kandi za ntumwa zibgira Umwami Yesu, ziti N’utwongere ukwizera.
Ubwo nyene se wa wa mwana arasemerera ati: “Ndizera! Ariko mfasha kuko mfise ukwizera guke!”
Duhange amaso Yesu Kristo, we yatanguje ukwizera kwacu akaba ari na we agushitsa ku gutungana. Umunezero yashizwe imbere ni wo watumye yihanganira umusaraba n’isoni zawo. Ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’inganji y’Imana.
Nshobozwa vyose na Kristo ampa inkomezi.
Bene Data, birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, kuko ukwizera kwanyu kubandanya gukomera, kandi n’urukundo mugiriranira hagati yanyu na rwo rukaba ruguma rugwira.
Umwami Yesu abonye uwo muvyeyi, amugirira impuhwe, aca amubwira ati: “Reka kurira!”
Intumwa zigarutse zikoranira aho Yesu ari, zimwiganira ivyo zakoze n’ivyo zigishije.
abatuma kubaza Umwami Yesu bati: “Ni wewe twari twiteze ko uzoza canke twitege uwundi?”