Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 17:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Nk’uko vyari bimeze mu gihe ca Nowa, ni ko bizomera no mu gihe c’Umwana w’Umuntu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Kand’ uko vyari biri mu misi ya Nowa, ni ko bizoba mu misi y’Umwana w’umuntu:

Gade chapit la Kopi




Luka 17:26
16 Referans Kwoze  

Kandi nimba itihanganiye isi ya kera igihe yarekurira umwuzure ku bantu b’ico gihe batubaha Imana, ariko igakiza Nowa, umwigisha w’ivyo kugororoka, n’abandi ndwi gusa;


Kuko nk’uko umuravyo uravya ukaboneshereza ijuru ryose, ni ko bizomera Umwana w’Umuntu niyaza ku musi wiwe.


Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaka ubwato bunini kugira ngo akize umuryango wiwe umwuzure. Yumviye Imana yamugabishije ku bintu bitari bwigere biba. Uko ni ko yaciriye isi urubanza, kandi kubera ukwizera kwiwe, Imana na yo yaremeje ko yari umugororotsi.


Aca abwira abigishwa biwe ati: “Hazogera igihe mwipfuza kubona n’umusi umwe mu misi y’Umwana w’Umuntu, ariko ntimuzowubona.


Mu nyuma, ayo mazi nyene ni yo yarengeye isi y’ico gihe arayihonya.


Ndababwire ukuri, izokwihuta kubatunganiriza. Ariko none, aho Umwana w’Umuntu azogarukira, azosanga ukwizera kw’isi?”


Ni nde muri mwebwe, afise umukozi, yohengera avuye kurima canke kuragira, akamubwira ati: ‘Kaze ku meza dufungure’?


Bararya, baranywa, bararongora, bagashingiza, gushika umusi Nowa yinjiye mu bwato, maze umwuzure ukaza ukabatikiza bose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite