Kuva ico gihe, Yesu atangura kubwira abigishwa biwe ko ategerezwa kuja i Yerusalemu, akababazwa mu buryo bwinshi n’abakuru b’idini, n’abaherezi bakuru n’abigisha b’ivyagezwe, kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu.
Yesu aca atangura kubigisha ababwira ko Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa mu buryo bwinshi; akankwa n’abatware, n’abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe; kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu.
Yesu aca ababwira ati: “Nta ho murasoma mu Vyanditswe havuga ngo: ‘Ibuye abubatsi bagaye ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka; ibi Uhoraho ni we yabikoze, kandi ni igitangaza mu maso yacu?’
Ibi vyabaye kugira ngo ijambo ry’uwavugishwa n’Imana Yesaya rishike, aho yanditse avuga ati: “Mwami, ni nde yizeye Ubutumwa Bwiza twavuze? Ni ba nde Uhoraho yahishuriye ukuboko kwiwe kw’ubushobozi?”