Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 17:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Kuko nk’uko umuravyo uravya ukaboneshereza ijuru ryose, ni ko bizomera Umwana w’Umuntu niyaza ku musi wiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Kuko nk’uk’ umuravyo urabiriza mu ruhande rumwe rw’ijuru, ukarabagiranira mu rundi, uko ni k’Umwana w’umuntu azoba ku musi wiwe.

Gade chapit la Kopi




Luka 17:24
16 Referans Kwoze  

Kuko nk’uko umuravyo urabiriza i buseruko ukaboneka no mu burengero, ni ko bizomera Umwana w’Umuntu niyaza.


Inyuma y’ivyo, ni ho ikimenyetso cerekana kugaruka kw’Umwana w’Umuntu kizogaragara kw’ijuru, kandi hazoba amaborogo mu bantu bo mu moko yose yo kw’isi. Ni ho bazobona Umwana w’Umuntu aje ku bicu afise ububasha bwinshi n’icubahiro.


Ariko umusi Umwami wacu azogarukirako uzoshika nk’igisuma. Amajuru azozimangana mu kwasana guhambaye cane; ibiri mu kirere bizotongorwa n’umuriro, kandi isi n’ibiri muri yo vyose bizocirwa urubanza.


Namwe nimwihangane kandi muhagarare mushikamye, kuko ukuza k’Umwami kuri hafi.


turabinginze ngo ntimunyiganyige canke ngo muhagarike imitima kubera inyigisho womenga zivuye kuri twebwe (vyaba biciye mu buryo bwo kuvugishwa, canke amajambo canke ikete) zibabwira ko umusi w’Umwami wacu umaze gushika.


kuko musanzwe muzi neza ko umusi Umwami wacu azogarukirako uzoshika nk’igisuma mw’ijoro.


Aho ni ho wa muntu w’umugarariji azoca amenyekana, uwo Umwami Yesu azokwicisha impwemu zo mu kanwa kiwe, agasangangurwa n’ugukayangana kw’ukuza kwiwe.


Yesu aramwishura ati: “Uko uvuze ni ko biri. Kandi muri kazoza, muzobona Umwana w’Umuntu yicaye mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana y’ububasha, kandi aza ari ku bicu vyo kw’ijuru.”


Aho Umwana w’Umuntu azozira, ari mu bwiza bwiwe, ari kumwe n’abamarayika biwe, azokwicara ku ntebe yiwe y’inganji.


Ni ko bimeze no kw’itara, nta woridomeka ngo ace aryubikako igiseke. Ahubwo arishira ku giterekwako itara kugira ngo riboneshereze abari mu nzu bose.


Ni we azobaha gushikama gushika kw’iherezo, kugira ngo muzobe mutagira umugayo ku musi Yesu Kristo azogarukirako.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite