Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 16:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Maze shebuja ashima amayeri uwo munyabigega asesagura yakoresheje. Ni ko n’abana b’iyi si bazi ubwenge bwo kwitunganiriza ivy’ubuzima kurusha abana b’umuco.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Nuko shebuja ashima uwo mubgiriza agabitanya, kuko yakoze ivy’ ubgenge: kukw abana b’iki gihe bagira ubgenge mu vy’ubu bugingo kurusha abana b’umuco.

Gade chapit la Kopi




Luka 16:8
23 Referans Kwoze  

Mwese muri abana b’umuco n’abana b’umurango. Ntituri ab’ijoro, kandi ntituri ab’umwijima.


Kuko kera mwari mwuzuye umwijima, ariko noneho ubu mufise umuco uva ku Mwami wacu. Nimubeho rero nk’abana b’umuco


Uwubaye umwizigirwa muri bike azozezwa vyinshi, kandi uwuzotakaza ubwizigirwa muri bike azobutakaza no kuri vyinshi.


Nimwizere umuco mukiwufise, kugira ngo mube abana b’umuco.” Ahejeje kuvuga ayo majambo, Yesu aca aragenda arabinyegeza.


Ikitwereka abana b’Imana n’abana ba wa mubi ni iki: Umuntu wese adakora ibigororotse kandi ntakunde bene Data bandi si uw’Imana.


Ndatoye ico ngiye gukora, kugira ngo ninava muri aya mabanga, abantu bazompe indaro.’


Yesu arabishura ati: “Abantu bo muri kino gihe bararongora kandi bararongorwa.


Ariko mweho muri ubwoko bwatoranijwe, abaherezi b’Umwami, ihanga ryejejwe Imana yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ryayo, yo yabahamagaye ikabakura mu mwijima, ikabazana mu muco wayo utangaje.


Iherezo ryabo ni ukurandurwa. Imana yabo ni inda yabo, kandi ivyobateye isoni ni vyo bihimbaro vyabo. Nta kindi biyumvira atari ivy’iyi si gusa.


Ntimwihende! Nimba muri mwebwe hari uwibaza ko ari umunyabwenge afatiye ku rugero rw’ubwenge bwo mw’isi, yari akwiye kuba ikijuju kugira ngo ashobore kuba umunyabwenge w’ukuri,


Umwami Yesu yongerako ati: “Nimwumve ivyo uwo mucamanza agabitanya yavuze.


Petero aramwishura ati: “Ni abandi bantu.” Yesu aramubwira ati: “Urumva rero ko abana batariha ikori.


Umuntu wese atuka Umwana w’Umuntu, azobiharirwa; ariko uwutuka Mpwemu Yera ntazobiharirwa, haba muri kino gihe canke mu gihe kizoza.


Abaza uwa kabiri na we ati: ‘Databuja umuheraniye ibingana gute?’ Na we yishura ati: ‘Imifuko ijana y’ingano.’ Aca amubwira ati: ‘Akira urupapuro wandike mirongo umunani.’


Ariko abazoba babereye gushika muri ya si izoza no mw’izuka ry’abapfuye ntibazorongora canke ngo barongorwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite