Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 16:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Kw’irembo ryiwe hama haryamye umukene yitwa Lazaro, asega.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Kandi hāriho n’umworo yitwa Lazaro, yatembagara kw irembo ryiwe yatonyanga ibisebe.

Gade chapit la Kopi




Luka 16:20
14 Referans Kwoze  

Hari umuntu yaremaye kuva akivuka yama azanwa imisi yose kw’irembo ryitwa Irembo Ryiza kugira ngo asege abaje mu rusengero.


Umviriza bene Data nkunda. Mbega Imana ntiyatoranije abitwa abakene muvy’iyi si ngo babe abatunzi mu vyo kwizera no kuzoragwa Ubwami yasezeraniye abayikunda?


Abizera kandi bakenye barafise ico bakwiye kwishimira, kuko Imana yabashize hejuru.


Umubiri wiwe wari wuzuye ibikomere, akama yipfuza utwo kurya dukorotse tuva ku meza y’uwo mutunzi, mbere n’imbwa zama ziza kurigata ivyo bikomere vyiwe.


Hariho umuntu yitwa Lazaro yava i Betaniya yari arwaye. Betaniya cari igisagara Mariya na Marita mwene nyina babamwo.


Hanyuma aragenda ahagarara hafi y’irembo, uwundi mwigeme w’umukozi w’aho na we aramubona aca abwira abari ngaho ati: “Uwu mugabo yari kumwe na Yesu w’i Nazareti.”


Habaye umutunzi yama yambaye mpuzu nziza z’igiciro kinini, kandi mu buzima bwiwe bwa misi yose yibera mu misi mikuru.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite