Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 16:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Ariko biroroshe cane ko ijuru n’isi bikurwaho, hako agakwabu ko mu vyagezwe kokurwaho.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Icoroshe n’ukw ijuru n’isi vyovaho, hakw akazatsa na kamwe kova ku nyuguti imwe yo mu vyagezwe.

Gade chapit la Kopi




Luka 16:17
11 Referans Kwoze  

Ndababwire ukuri, igihe cose ijuru n’isi bizoba bikiriho, nta n’akadome na gatoya canke agakwabu ko mu vyagezwe vy’Imana kazovako, kugeza ivyo vyagezwe bishikije intumbero yavyo.


Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazokwigera akurwaho.


ariko ijambo ry’Uhoraho ryo rihoraho ibihe vyose.” Kandi iryo jambo ni bwo Butumwa Bwiza mwabwiwe.


None dushimikiye cane ku kwizera, tuba dushaka kwirengagiza ivyagezwe? Haba na mba! Ahubwo iyo twizeye tuba twemeje yuko ivyagezwe bivuga ukuri.


Izobahanagura amosozi yose ku maso yabo. Nta rupfu canke kugandara, nta kurira canke kubabara bizoba bikiriho, kuko ivya kera bizoba bikuweho.”


Hanyuma nca mbona “ijuru rishasha n’isi nshansha,” kuko ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyakuweho, kandi nta n’ikiyaga cari kikihari.


Hanyuma nca mbona intebe y’inganji nini cane, mbona n’uwuyicayeko. Ijuru n’isi birahunga biva imbere yiwe, ntivyasubira kuboneka.


Ariko umusi Umwami wacu azogarukirako uzoshika nk’igisuma. Amajuru azozimangana mu kwasana guhambaye cane; ibiri mu kirere bizotongorwa n’umuriro, kandi isi n’ibiri muri yo vyose bizocirwa urubanza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite