Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 16:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Abafarisayo, kubera ko bakunda amahera cane, bumvise ivyo vyose baca baramutwenga.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Abafarisayo, bār’ abakunzi b’ubutunzi, bumvise ivyo vyose, baramutwenga cane.

Gade chapit la Kopi




Luka 16:14
18 Referans Kwoze  

Abantu isinzi bari aho babiraba; abakuru b’Abayuda na bo bamucokora, bavuga bati: “Yakijije abandi, niyikize na we turabe, ko yigira ngo ni Kristo, Uwatoranijwe n’Imana.”


Banyaga imiryango y’abapfakazi bakabatwara ivyabo, kandi bakabandanya biyerekana nk’abantu beza mu gusenga amasengesho maremare. Ni co gituma bazohanwa kurusha abandi.”


Aca ababwira ati: “Mube maso, mwirinde guhahamira ivy’isi, kuko ubuzima bw’umuntu ntibuhagaze kw’itunga ryinshi afise.”


Abandi barashinyaguriwe barakubitwa. Abandi baboshwe iminyororo batabwa mu mabohero.


Abantu bazokwikunda, bakunde amahera, birate ivyabo, buzure ubwishime. Bazotuka Imana bongere bagararize abavyeyi babo, babe intashima, ntibubahe ivyejejwe.


Na bo baramutwenga, kuko bari bazi neza ko umwana yapfuye.


Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwugaye umuryango w’Ubwami bw’ijuru, ntimwinjira mwebwe ubwanyu, kandi n’abagomba kwinjira ntimwabakundira. [


Arababwira, ati: “Nimusohoke. Uwu mwana ntiyapfuye, arasinziriye.” Ariko, abo bantu baramushinyagurira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite