Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 16:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Uwubaye umwizigirwa muri bike azozezwa vyinshi, kandi uwuzotakaza ubwizigirwa muri bike azobutakaza no kuri vyinshi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ūkora ivyo yizigiweko ku coroshe cane, agira artyo no ku gikomeye: ūgabitanya ku coroshe cane, agabitanya no ku gikomeye.

Gade chapit la Kopi




Luka 16:10
9 Referans Kwoze  

Shebuja aramwishura ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!’


Aca amubwira ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza. Ko wabaye umwizigirwa muri bike, ndaguhaye kuganza ibisagara cumi.’


Shebuja aramwishura ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!’


Yabaye umwizigirwa imbere y’Imana yo yamujeje iki gikorwa, nk’uko Mose yakoze nk’umwizigirwa igihe Imana yamuzeza inzu yayo yose.


Ivyo ntiyabivuze abitewe no kubabara aboro, ariko yabitewe n’uko yari umusuma. Ni we yari ajejwe ububiko bw’amahera y’abigishwa, kandi kenshi yarayihako akayakoresha ivyiwe.


Yuda amaze kurya uwo mukate, Satani aca amwinjiramwo. Yesu aramubwira ati: “Nyarutsa ukore ico wateguye gukora.”


Nuko ku mugoroba w’uwo musi, Yesu asangira n’abigishwa biwe, kandi Satani yari yamaze gushira muri Yuda, mwene Simoni Isikariyote, iciyumviro co kugurisha Yesu.


Mbega umukozi w’umwizigirwa kandi w’umunyabwenge ni nde? Ni uwo shebuja ashobora guha ubukuru bwo kuganza abandi bakozi no kubagaburira ku mwanya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite