Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 16:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Inyuma y’aho Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Habaye umutunzi yari afise umunyabigega asesagura.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Maz’ abgira abigishwa biwe, ati Hābaye umuntu w’umutunzi yar’ afise umubgiriza wiwe, bamumuregako ko yaya ibintu vyiwe.

Gade chapit la Kopi




Luka 16:1
19 Referans Kwoze  

Umwe wese akoresha ingabire yose yahawe n’Imana ku nyungu z’abandi. Muzikoreshe nk’abizigirwa b’Imana bagabura ubuntu bw’Imana bw’uburyo bwinshi.


Umwami Yesu aramwishura ati: “Mbega umunyabigega w’umwizigirwa kandi w’umunyabwenge ni nde? Ni uwo shebuja ashobora guha ubukuru bwo kuganza abandi bakozi no kubagaburira mu gihe gikwiye.


Mbere n’iyo musavye ntimuhabwa, kuko musaba mufise intumbero mbi, mushaka gukoresha ivyo muronse mu bihimbaro vyanyu.


Umwungere w’ishengero ajejwe gutunganya ishengero ry’Imana. Ni co gituma akwiye kuba inyankamugayo. Ntakwiye kuba umunyabwibone, canke uwutwarwa n’ishavu. Ntakwiye kuba imborerwa, ashwana, canke arondera kuronka inyungu mbi.


Ariko raba uwu muhungu wawe yononeye itunga ryose mu bamaraya, aragarutse uca umubagira impfizi ivyibushe!’


Haciye imisi mike wa muhungu muto yegeranya ubutunzi bwiwe, aja mu gihugu ca kure, yononera rya tunga ryiwe mu buhumbu.


Ariko uwundi mukozi araza abwira shebuja ati: ‘Databuja, akira mina yawe; nayibitse mu gitambara ndayinyegeza kure.


Habaye umutunzi yama yambaye mpuzu nziza z’igiciro kinini, kandi mu buzima bwiwe bwa misi yose yibera mu misi mikuru.


Yowana muka Kuza umunyabigega wa Herode, Suzana hamwe n’abandi benshi. Abo bagore bashigikira Yesu n’abigishwa biwe bakoresheje uburyo bwabo.


Bugorovye, nyene umurima abwira uwujejwe ubutunzi bwiwe ati: ‘Hamagara abakozi ubahembe, uhereye ku baje ubwa nyuma, uhereze ku baje ubwa mbere.’


Umusi umwe aramuhamagara, amubaza ati: ‘Ivyo ndakwumvako ni ibiki? Harura ivyo nakujeje ubinsubize, kuko ntukibereye kuzezwa ubutunzi bwanje.’


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite