Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 15:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Ndababwire ukuri, no mw’ijuru haba umunezero mwinshi iyo umunyavyaha umwe yihanye gusumba uwo bagirira abagororotsi mirongo icenda n’icenda badakeneye kwihana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ndababgira yuko mw ijuru bazonezererwa bartyo umunyavyaha umwe yihannye, bakamurutisha abagororotsi mirongwicenda n’icenda batarinda kwihana.

Gade chapit la Kopi




Luka 15:7
13 Referans Kwoze  

Sinaje kurondera abibaza ko ari abagororotsi, ahubwo naje kurondera abazi neza ko ari abanyavyaha, kugira ngo bihane.”


Ni ko n’abamarayika b’Imana bagira umunezero iyo umunyavyaha umwe yihanye.”


Vyari bikwiye ko tugira umusi mukuru tukanezerwa kuko umuvukanyi wawe yari yarapfuye none arazutse, yari yarazimiye none arazimurutse.’ ”


Kandi ayitoye, ndababwira ukuri ko yoyinezerererwa cane naho yari asanganywe izindi mirongo icenda n’icenda zitari zazimiye.


Kera ivyagezwe bitaraza nari muzima. Hanyuma menye ico amabwirizwa avuga icaha gica kiba kizima nanje ndapfa.


Na we arababwira ati: “Mwebwe mwigira abagororotsi mu maso y’abantu, ariko Imana irazi imitima yanyu. Kuko ivyo abantu baha agaciro kanini ari ibisesema imbere y’Imana.


ariko uwo muhungu aramwishura ati: ‘Data, raba iyi myaka yose maze ndagukorera, numvira amategeko yawe yose. Ariko ntiwigeze umpa n’impene ikiri nto kugira ngo nezeranwe n’abagenzi banje.


Nimukore ibikorwa vyerekana ko mwihanye,


Ashitse i muhira, yoca ahamagara ababanyi n’abagenzi akababwira ati: ‘Nimuze tunezeranwe kuko natoye intama yanje yari yazimiye.’


Canke nk’umugore yoba afise ibiceri cumi vy’ifeza, hanyuma kimwe kigatakara, mbega ntiyokwatsa itara, agakubura inzu yose, akakirondera gushika agitoye?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite