Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 15:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 “Hamwe muri mwebwe hoba hari uwufise intama ijana hanyuma imwe muri zo ikazimira, ntiyosiga izo mirongo icenda n’icenda mu gahinga, akaja kurondera iyo yazimiye gushika ayitoye?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 ati Hogira umuntu muri mwebge afise intama ijana, yozimiza imwe muri zo, ntiyosiga izindi mirongwicenda n’icenda mu gahinga, akaja kurondera iyazimiye, kugeza ah’ ayibonera?

Gade chapit la Kopi




Luka 15:4
19 Referans Kwoze  

Umwana w’Umuntu yazanywe no kurondera hamwe no gukiza abazimiye.”


Kera mwari mumeze nk’intama zazimiye ariko ubu mwaragarutse ku mwungere w’ubugingo bwanyu.


Na we arabishura ati: “Muri mwebwe uwoba afise intama imwe hanyuma ikagwa mu kinogo ku musi w’Isabato, ntiyoyikurayo? Nzi neza ko yoyikurayo.


Umwami Yesu aca arishura ati: “Mwa ndyarya mwe! Ni nde muri mwebwe atozitura inka canke indogoba yiwe mu ruhongore ku musi w’Isabato ngo ayijane kunywa amazi?


None rero, wewe ushobora kwibaza ko wocira imanza abameze batyo, ariko nawe umeze nka bo nta co wokwireguza. Kuko nimba ucira imanza abandi kandi ukora nk’ivyo bakora, na wewe uba wiciriye urubanza.


Yesu aca abacira uwu mugani ati:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite