Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 15:32 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Vyari bikwiye ko tugira umusi mukuru tukanezerwa kuko umuvukanyi wawe yari yarapfuye none arazutse, yari yarazimiye none arazimurutse.’ ”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 arikw akanyamuneza no guhimbarwa biratubereye: kuko murumunāwe uyu yari yarapfuye, non’ arazutse; yari yarahavye, non’ arahabutse.

Gade chapit la Kopi




Luka 15:32
13 Referans Kwoze  

kuko umwana wanje yari yarapfuye none arazutse, yari yarazimiye none arazimurutse.’ Nuko baca batangura kugira umusi mukuru.


Haba na mba! Naho abantu bose boba ababeshi, Imana yo iguma ari inyakuri. Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Mu vyo uvuga vyose uzokwama uboneka uri umugororotsi, kandi n’imbere y’ubucamanza uzokwama utsinda.”


Noneho turazi ko ivyo ivyagezwe vyigisha biraba abaganzwa na vyo, kugira ngo ntihagire uwuronka ico yireguza kandi isi yose iboneke ko ikwiye gutsindwa n’urubanza rw’Imana.


Umwana w’Umuntu na we aza arya, kandi anywa, muca muvuga muti: ‘Ni umukunzi w’inda kandi ni imborerwa, agendana n’abatozakori n’abandi banyavyaha.’


Se aramubwira ati: ‘Mwana wanje, wewe turamana imisi yose, kandi ivyo mfise vyose ni ivyawe.


Kuko nimba kwigizwayo kwabo kwazaniye agakiza abo kw’isi bose, mbega kwemerwa kwabo ntikuzozana ivyiza birushirije? Bizomera nko gusubiza ubuzima abari barapfuye!


Kuko Umwana w’Umuntu yazanywe no gukiza abazimiye.]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite