Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 15:29 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 ariko uwo muhungu aramwishura ati: ‘Data, raba iyi myaka yose maze ndagukorera, numvira amategeko yawe yose. Ariko ntiwigeze umpa n’impene ikiri nto kugira ngo nezeranwe n’abagenzi banje.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Maz’ abgira se, ati Rāba iyi myaka ingana irtya ngukorera, nta ho nigeze kwanka ico wangezeko, nanje nta ho wigeze kumpa n’agasuguru, ngo nnezeranwe n’abagenzi.

Gade chapit la Kopi




Luka 15:29
23 Referans Kwoze  

Uvuga ngo uratunze, ufise vyinshi kandi ngo nta co ukenye. Ariko ntuzi ingene uri umugorwa ateye ikigongwe. Uri umukene, urahumye kandi ugenda gusa.


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nzomuha kurya kuri manu yahishijwe. Nzomuha kandi ibuye ryera ryanditseko izina rishasha; ntawuzomenya iryo zina kiretse uwuzohabwa iryo buye.


Kuko batatahuye inzira ituma abantu bemerwa n’Imana nk’abagororotsi, bakanka no kwisunga iyo nzira, baciye bicira inzira yabo yo kwemerwa n’Imana mu kugerageza kwubahiriza ivyagezwe.


Kera ivyagezwe bitaraza nari muzima. Hanyuma menye ico amabwirizwa avuga icaha gica kiba kizima nanje ndapfa.


Naratinye kuko nzi ko uri umuntu agoye; wanura ivyo utanikiye, ukimbura ivyo utarimye.’


Yesu yongera acira uwu mugani abishimira ukugororoka kwabo bagakengera abandi, ati:


Nuko rero namwe nimwaheza gukora ivyo mwategetswe vyose, muze muvuge muti: ‘Turi abakozi b’imburakimazi, twakoze ivyo dutegerezwa gukora.’ ”


Ndababwire ukuri, no mw’ijuru haba umunezero mwinshi iyo umunyavyaha umwe yihanye gusumba uwo bagirira abagororotsi mirongo icenda n’icenda badakeneye kwihana.


bavuga bati: ‘Abakoze isaha imwe ubahemba co kimwe natwe twiriwe turakora ku ruzuba ruri aho!’


None twokwirata iki? Nta na kimwe! Kuko kwemerwa n’Imana kwacu ntikuva ku kwubahiriza ivyagezwe, ariko kuva ku kwizera.


Ni co gituma ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana nk’umugororotsi, abihawe no kwubahiriza ivyagezwe. Igikorwa c’ivyagezwe ni ukutwerekana ko turi abanyavyaha.


Wa muhungu mukuru aca arashavura, yanka no kwinjira mu nzu. Se aca arasohoka aja kumuhoyahoya,


Ariko raba uwu muhungu wawe yononeye itunga ryose mu bamaraya, aragarutse uca umubagira impfizi ivyibushe!’


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite