Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 15:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Ariko se aca abarira abakozi biwe ati: ‘Nimwihute muzane ikanzu nziza iruta izindi muyimwambike, mumwambike n’impeta ku rutoke, n’ibirato ku birenge.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Maze se abarira abashumba biwe, ati Ni muzane n’ingoga imvune iruta izindi, muyimwambike, mumwambike n’impeta ku rutoke n’inkweto mu birenge,

Gade chapit la Kopi




Luka 15:22
30 Referans Kwoze  

Umwe wese muri bo aca ahabwa ikanzu yera, baca basabwa kurindira ikindi gihe gito, gushika igitigiri ca bene Data, abo bari basangiye gukorera Umwami Yesu, bategerezwa kwicwa nk’uko na bo bishwe, kibanze gikwire.


Impuzu zera, zimesuye kandi zikayangana, ni zo yahawe ngo yambare.” Impuzu zera zisigura ibikorwa vyiza vy’ukugororoka vy’abera b’Imana.


Inyuma y’ivyo nca mbona isinzi ry’abantu batoharurika, bavuye mu mahanga yose, mu moko yose no mu ndimi zose, bahagaze imbere ya ya ntebe y’inganji n’imbere ya wa Mwagazi. Bari bambaye amakanzu yera, bafise n’amashami y’ibigazi mu minwe.


kuko Mpwemu mwahawe atari uwo kubagira abagurano ngo mwongere gutinya; ahubwo mwakiriye Mpwemu abagira abana b’Imana. Uwo ni we atuma dusemerera, tukabwira Imana tuti: “Aba, Data.”


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nzomuha kurya kuri manu yahishijwe. Nzomuha kandi ibuye ryera ryanditseko izina rishasha; ntawuzomenya iryo zina kiretse uwuzohabwa iryo buye.


kuko ababatijwe muri Kristo mwese mwambaye Kristo.


Ahubwo, murondere gusa n’Umwami Yesu Kristo, aho kwitaho imibiri yanyu ngo mushitse ivyo yipfuza.


Ni co gituma ndaguhanura ngo ungureko inzahabu zivugutiwe mu muriro kugira ngo ube umutunzi. Ungureko imyambaro yera kugira ngo ufuke ubwambure bwawe buteye isoni, ungureko kandi n’umuti wo gusiga ku maso yawe kugira ngo ushobore kubona.


ku birenge vyanyu mwambare ibirato ari kwo kwitegurira kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’amahoro.


Ukwizera Yesu Kristo ni kwo kwonyene gutuma twemerwa n’Imana nk’abagororotsi imbere yayo. Kandi ivyo Imana ibikorera uwizera Yesu Kristo wese, ata we ikumiriye.


Wa muhungu abarira se ati: ‘Data, naracumuye ku Mana yo mw’ijuru, ncumura no kuri wewe. Sinkibereye kwitwa umwana wawe.’


Hanyuma muzane n’impfizi ivyibushe muyibage, turye, tunezerwe,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite