Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 15:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Ngira mpaguruke nsubire kwa data ndamubwire nti: Data naracumuye ku Mana yo mw’ijuru, ncumura no kuri wewe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Mve hasi, nje kwa data, mmubgire, nti Data, nacumuye ku Yo mw ijuru no mu maso yawe,

Gade chapit la Kopi




Luka 15:18
36 Referans Kwoze  

Wa muhungu abarira se ati: ‘Data, naracumuye ku Mana yo mw’ijuru, ncumura no kuri wewe. Sinkibereye kwitwa umwana wawe.’


Ariko wa mutozakori ahagarara kure, ntiyubahuka no kurangamiza mw’ijuru, yamara yikubita ku gikiriza, avuga ati: ‘Mana, ngirira imbabazi, jewe umunyavyaha.’


Kuko nimwaharira abantu ibibi babakoreye, na So wo mw’ijuru azobaharira namwe.


Mukwiye gusenga muvuga muti: Data wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryubahwe,


Bamaze kwatura ivyaha vyabo yaca ababatiza mu ruzi Yorodani.


Nimba mwebwe mushobora guha ingabire nziza abana banyu kandi muri babi mu mitima, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza guha ivyiza ababimusavye!


Arababwira ati: “Mu gusenga mukwiye kuvuga muti: ‘Data, izina ryawe niryubahwe, Ubwami bwawe nibuze.


Ariko umusi umwe akenge karagaruka, aribwira ati: ‘Kwa data hari abakozi benshi kandi bararya bagasigaza, ariko jeho inzara igira inyicire hano.


Sinkibereye kwitwa umwana wawe; ntabara umfate nk’umwe mu bakozi bawe.’


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite