Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 15:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Nuko aja gushumbira umuntu wo muri ico gihugu, na we amurungika mu mirima yiwe kumuragirira ingurube.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Aragenda, ashumba ku muntu wo mur’ ico gihugu, amurungika ku gasozi kiwe kuragira ingurube.

Gade chapit la Kopi




Luka 15:15
27 Referans Kwoze  

Natwe twahora turi imburabwenge, turi abagarariji, twarahenzwe twongera tugirwa imbohe n’ivyipfuzo vy’ibihimbaro vy’ubwoko bwose. Twari twuzuye ubugunge n’ukwipfuza, twankwa kandi twankana hagati yacu.


Ubu rero ko mwabohotse mutakiganzwa n’icaha, mwahindutse abagurano b’Imana, inyungu yanyu ni ubuzima bwiyeguriye Imana, kandi ivyo bibashikana ku bugingo budashira.


Haciye imisi mike wa muhungu muto yegeranya ubutunzi bwiwe, aja mu gihugu ca kure, yononera rya tunga ryiwe mu buhumbu.


Ntimugahe ivyera vy’Imana imbwa, kandi ivy’agaciro kanini vyanyu, ntimukabiterere ingurube, kuko zohava zibihonyanga, hanyuma zikabahindukirira zikabatabagura.


Amaze gusesagura bwa butunzi bwose, haca hatera amapfa muri ico gihugu, maze wa muhungu arakena.


Uwo muhungu arasonza gushika aho yipfuza ivyokurya vy’ingurube, ariko na vyo nta n’umwe yabimuha.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite