Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 14:32 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Abonye ko atoshobora kumugwanya, aca arungika intumwa ku wumuteye akiri kure, kugira ngo babaze ivyotuma babana amahoro.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Bisanzwe atari ko biri, wa wundi akiri kure cane, amutumakw intumwa, akamubaza ico yomuhongera ngo babane amahoro.

Gade chapit la Kopi




Luka 14:32
11 Referans Kwoze  

Yari yamye atumvikana n’abantu b’i Tiro n’i Sidoni, maze na bo baja hamwe bamusaba umubonano. Bafashijwe na Bulasito, umukuru w’abategura icumba c’umwami, basaba kugiranira amasezerano y’amahoro, kuko ivyo bihugu vyasumira mu bwami Herode yatwara.


Nihagira umuntu aja kukwagiriza ku mucamanza, wihutire kwiyuzuza na we mutarashikayo. Ahandi ho, azogushikana imbere y’umucamanza, hanyuma na we agutange ku mukuru w’ibohero, maze na we agute mw’ibohero.


Nihagira umuntu aja kukwagiriza mu bucamanza, wihutire kwiyuzuza na we mukiri mu nzira, kugira ngo ntagushikirize umucamanza hanyuma na we akagutanga ku mukuru w’ibohero, uwo na we akagupfunga.


Umuntu niyagusaba ikintu ukimuhe, kandi uwugomba ko umugurana ntumwirengagize.


Canke, mbega umwami afise abasoda ibihumbi cumi atewe n’uwundi mwami afise abasoda ibihumbi mirongo ibiri, ntiyobanza kwicara akaraba neza ko yoshobora kugwanya uwo mwami amuteye?


Nuko rero, umuntu wese muri mwebwe adaheba ivyiwe vyose, ntashobora kuba umwigishwa wanje.


Ariko abantu bo mu gihugu ciwe baramwanka, bituma barungika intumwa inyuma yiwe zija kuvuga ziti: ‘Uwo muntu ntidushaka ko aba umwami wacu.’


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite