Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 14:27 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Kandi uwutikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire, ntashobora kuba umwigishwa wanje.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Ūtikorera umusaraba wiwe ngw ankurikire, ntashobora kuba umwigishwa wanje.

Gade chapit la Kopi




Luka 14:27
12 Referans Kwoze  

Umuntu wese atikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire ntankwiriye.


Yesu aramuraba yumva aramukunze. Aramubwira ati: “Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe abakene; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru, hanyuma uze unkurikire.”


Kanatsinda, uwuhisemwo kugira ubuzima bugororotse muri Kristo Yesu azotegerezwa guhamwa.


binginga abigishwa ngo bagume bahagaze mu kwizera. Bababwira bati: “Dutegerezwa guca mu bitubabaza vyinshi kugira twinjire mu Bwami bw’Imana.”


Ariko kubera ko iryo jambo ritagira imizi miremire muri bo, bamara umwanya muto bizeye. Iyo baciye mu vyago canke mu guhamwa bazira kwizera iryo Jambo ry’Imana, baca bata ukwizera.


Ni co gituma ndiko ndababazwa uku. Ariko singira isoni kuko ndazi uwo nizeye, kandi sinkekeranya ko ashoboye kuzigama ico namubikije gushika ku musi w’ukugaruka kwiwe.


Yesu asohoka yikoreye umusaraba wiwe, ajanwa ahantu hitwa Nyagihanga (mu Giheburayo hitwa Gologota).


Bakiri mu nzira bagenda, bahura n’umugabo yitwa Simoni yari avuye mu mirima, bamutegeka gutwaza umusaraba Yesu. Simoni yava i Kurene kandi yari se wa Alegizandere na Rufu.


Ni nde muri mwebwe agomvye kwubaka igorofa, atobanza kwicara ngo aharure neza ko afise ivyo kuyuzuza?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite