Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 14:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Ariko bose baca batangura kwerekana ibibafatiriye bituma batoza. Uwa mbere ati: ‘Unyihanganire, mpejeje kugura itongo, ngira nje kuriraba.’

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Bose batangura kuzangazanga n’umutima uhūye. Uwa mbere, ati Naguze itongo, nkwiye kuja kurirāba; ndakwinginze, uramvugira antunge.

Gade chapit la Kopi




Luka 14:18
24 Referans Kwoze  

Yesu abonye ukuntu ababaye, aca avuga ati: “Biragoye cane ko abatunzi binjira mu Bwami bw’Imana.


Bazokwihakana ukuri, bahindukirire imigani.


yamara ntimushaka kuza aho ndi ngo muronke ubwo bugingo.


Yaje mu biwe, ariko abiwe ntibamwakira.


Hari n’abameze nk’isi yamezeko amahwa. Abo na bo bagiheza kwumva ijambo ry’Imana, imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, ubutunzi n’ibihimbaro vy’iyi si biraza bikanyoha icatewe muri bo, hanyuma bikababuza gukura mu vy’impwemu.


Ntihakagire n’umwe muri mwebwe aba umushakanyi canke atubaha Imana nka Esawu yagurishije kuba samuragwa kwiwe, akagukaba isahani imwe y’ivyokurya.


kuko Dema yarantaye aja i Tesalonike, kuko yakunze ivy’iyi si. Kireseni yagiye i Galatiya, Tito na we yagiye i Dalumatiya.


Igihe co kuzimana kigeze, atuma umukozi wiwe kubwira abatumire ati: ‘Nimuze, vyose vyatunganye.’


Uwundi na we ati: ‘Ndakwingize umbabarire, naguze inka cumi zirima, ngiye gusuzuma ko zikora neza.’


N’aho nari mfise imvo zo kwiyizigira kandi nimba hari n’abandi bibaza ko bafise imvo zotuma bishimira ivy’umubiri, jewe mfise nyinshi kubarusha.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite