Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 13:34 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Yewe Yerusalemu, yewe Yerusalemu! Wewe wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko. Ni kangahe nagerageje kwegeranya abana bawe nk’uko inkoko yegerenya imiswi yayo mu mababa yayo, ariko ukanyankira!

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Ewe Yerusalemu, ewe Yerusalemu, wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko! Ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda.

Gade chapit la Kopi




Luka 13:34
46 Referans Kwoze  

Mbega hari umuvugishwa n’umwe ba sogokuruza banyu batahamye? Mbere bishe n’abavugishijwe ku kuza kwa wa Umugororotsi. None namwe ubu mwaramugurishije, muramwica,


Yesu arahindukira arababarira ati: “Bakobwa b’i Yerusalemu, nta co mundirira. Nimwiririre mwebwe, muririre n’abana banyu.


Bazogusambura, bagutikizanye n’ababa muri wewe. Ntibazosigaza ibuye na rimwe rigeretse ku rindi, kuko utigeze umenya igihe Imana yakugendereye.”


abandi na bo bafata abakozi biwe barabakubagura, hanyuma barabica.


Igihe co kuzimana abatumire gishitse, atuma abakozi biwe guhamagara abatumiwe, ariko banka kuza.


Imivyimba yabo izorambikwa kw’ibarabara rya ca gisagara gikuru, kimwe mu mpwemu kigereranywa na Sodomu canke na Egiputa, ico Umwami wabo yabambwemwo.


Na Sawuli ni ho yari ari, kandi yari ashigikiye ko Sitefano yicwa. Uwo musi haca haduka ihamwa rikomeye kw’ishengero ry’i Yerusalemu, maze abigishwa bose, kiretse intumwa, basanzarira i Yudaya n’i Samariya.


Bakiriko baramutera amabuye, Sitefano arasenga ati: “Mwami Yesu, akira ubugingo bwanje.”


Wa muhungu mukuru aca arashavura, yanka no kwinjira mu nzu. Se aca arasohoka aja kumuhoyahoya,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite