Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 13:33 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

33 Uko biri kwose, ntegerezwa kubandanya urugendo rwanje uno musi n’ejo na hirya y’ejo, kuko nta handi umuvugishwa akwiriye kwicirwa atari i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Ariko nkwiye kugenda uyu musi n’ejo na hirya y’ejo, kuko bidashoboka k’ūvugishwa n’Imana yicwa, atar’ i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi




Luka 13:33
10 Referans Kwoze  

Ariko abantu baho banka kumwakira kuko yari ahaciye aja i Yerusalemu.


Abandi bakishura bati: “Ni Yesu, umuvugishwa w’i Nazareti mu ntara ya Galilaya.”


Ababa i Yerusalemu n’abatware babo ntibamenye Yesu, ariko baramutsindishije, baba bashikije amajambo y’abavugishwa n’Imana yama asomwa ku musi w’Isabato.


“Ehe, tuduze i Yerusalemu, kandi Umwana w’Umuntu azotangwa ku bakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe. Bazomucira urubanza rwo gupfa,


Ivyo vyatumye Yesu adasubira kugendagenda ku mugaragaro mu Bayuda. Ahubwo yaciye aja mu karere ko hafi y’ubugaragwa, mu gisagara citwa Efurayimu, agumanayo n’abigishwa biwe.


Dutegerezwa gukora ibikorwa vy’uwantumye hakibona. Ijoro riraje, aho ata wushobora gukora.


Yesu arababwira ati: “Ivyokurya vyanje ni ugukora ivyo uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.


ingene Imana yarobanuje Yesu w’i Nazareti Mpwemu Yera n’ubushobozi, n’ukuntu yagendagenda hose agira neza, akiza n’abari mu gacinyizo ka wa mubi, kuko Imana yari kumwe na we.


Maze Yesu arababwira ati: “Umuco wanje usigaje igihe gito co kubaboneshereza. Nimugendere mu muco bigishoboka, umwijima utarabahwikira. Umuntu wese agendera mu mwijima ntashobora kumenya iyo ariko araja.


Yesu arabishura ati: “Mbega umurango ntugizwe n’amasaha cumi n’abiri? Uwugenda ku murango ntashobora gutsitara, kuko abonesherezwa n’umuco w’iyi si.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite