Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 13:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Bugereranywa n’umwambiro umugore akoresha mu gukora imikate. Naho yokoresha umwambiro muke mw’ifu ingana n’ibiro mirongo ibiri na bitanu, uwo mwambiro muke utuma igikandu cose gikakama.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Busa n’umwambiro umugore yābiriye akawuvanga n’ingero zitatu z’ifu, gushitsa ah’ iribututumbire yose.

Gade chapit la Kopi




Luka 13:21
13 Referans Kwoze  

Yongera abacira uwundi mugani ati: “Ubwami mw’ijuru bugereranywa n’umwambiro umugore akoresha mu gukora imikate. Naho yokoresha umwambiro muke mw’ifu ingana n’ibiro mirongo ibiri na bitanu, uwo mwambiro muke utuma igikandu cose gikakama.”


Ntivyari bikwiye ko mwishira hejuru. Mbega ntimuzi ko icaha kimeze nk’umwambiro mukeya bashira mu gikandu maze kigatutumba cose?


Nuko rero, mwitandukanye cane n’ibintu vyose bishobora kubanduza, hamwe n’ikibi cose, mwemere muciye bugufi ijambo ritewe muri mwebwe, rifise ubushobozi bwo kubarokora.


Sinkekeranya ko Imana yatanguje ico gikorwa ciza muri mwebwe izokibandanya gushika ikirangije, ku musi Kristo Yesu azogarukirako.


Ishami ryose ryo kuri jewe ritama ararica, ariko ishami ryose ryama ararituturira akarituganya kugira ngo rirushirize kwama.


ariko uwunywa amazi ntanga ntazosubira kugira inyota. Ahubwo ayo mazi azohinduka isoko ridudubiza muri we, rizana ubugingo budashira.”


Yongerako ati: “Ubwami bw’Imana nobugereranya n’iki?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite