Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 13:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Mbega uwu mugore akaba n’umukobwa wa Aburahamu yari amaze imyaka cumi n’umunani aboshwe na Satani, ntiyari akwiye kubohorwa, naho ari ku musi w’Isabato?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Non’ uyu, ar’ umukobga wa Aburahamu, yaboshwe na Satani iyo myaka cumi n’umunani yose, ntakwiye kubohorwa iyo ngoyi ku musi w’isabato?

Gade chapit la Kopi




Luka 13:16
11 Referans Kwoze  

Yesu aca arababwira ati: “Isabato yashizweho ku neza y’umuntu, umuntu ntiyaremewe kuganzwa na yo,


maze bakabona kwisubirako, bakava mu mutego wa Satani, kuko baba bagizwe imbohe zo gukora ivyo ashaka vyose.


Bene Data, buzukuruza ba Aburahamu, namwe Banyamahanga mwubaha Imana, ni twebwe ubu butumwa bw’agakiza bwarungikiwe.


Muri abana ba so, Satani, kandi mugomba gushitsa ibikorwa bibi so ashaka. Yamye ari umwicanyi kuva mu ntango. Yamye yanka ukuri, kuko ata kuri kuri muri we. Iyo avuga ibinyoma, aba ariko avuga ururimi kavukire, kuko ni umubeshi kandi ni se w’ibinyoma.


Yesu aca avuga ati: “Uwu musi agakiza kinjiye muri iyi nzu, kuko uwu na we ni umwana wa Aburahamu.


Nimukore ibikorwa vyerekana ko mwihanye, mureke kwibwira mu mitima yanyu muti: ‘Turi uruvyaro rwa Aburahamu.’ Kuko ndababwira ko, no muri aya mabuye mubona, Imana ishobora gukuramwo abana ba Aburahamu.


Yesu aramwishura ati: “Mva i ruhande Satani! Kuko handitswe ngo: ‘Usenge Uhoraho Imana yawe, kandi abe ari yo yonyene ukorera.’”


Wa mutunzi arasemerera ati: ‘Data Aburahamu, ngirira ikigongwe, urungike Lazaro, akoze isonga ry’urutoke rwiwe mu mazi, ampfuvye ku rurimi kuko ndiko ndababarizwa cane muri uno muriro.’


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite