Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 13:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Umwami Yesu aca arishura ati: “Mwa ndyarya mwe! Ni nde muri mwebwe atozitura inka canke indogoba yiwe mu ruhongore ku musi w’Isabato ngo ayijane kunywa amazi?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Umwami Yesu aramwishura, ati Mwa ndyarya mwe, mbeg’ umuntu wese muri mwebge ntazitura inka yiwe cank’ indogoba yiwe mu ruhongore kw isabato, akayijana, akayishōra?

Gade chapit la Kopi




Luka 13:15
16 Referans Kwoze  

Aca ababaza ati: “Ni nde muri mwebwe yoba afise umwana akagwa mu kinogo ntamukureyo, canke inka yiwe ikagwayo ntayikureyo, ngo ni uko ari ku musi w’Isabato?”


Namwe ni uko, inyuma mugaragara mugororotse, ariko imbere mu mitima mwuzuye uburyarya n’ikibi.


Muri ako kanya nyene, abantu ibihumbi n’ibihumbi bariko baragwirirana, gushika aho ata waronka aho ahonyora. Yesu aca atangura kubigisha ahereye ku bigishwa biwe, abagabisha ati: “Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo, ari bwo buryarya.


Ni kuki ubwira mugenzawe uti: ‘Mugenzi, tega ndagutosore akatsi kari mu jisho,’ kandi nawe ugendana inkingi y’igiti mu jisho ryawe? Wa ndyarya we, tangura ukure inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe, ni ho uzobona neza akatsi kari mu jisho rya mugenzawe, uheze ugakureyo.


Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwugaye umuryango w’Ubwami bw’ijuru, ntimwinjira mwebwe ubwanyu, kandi n’abagomba kwinjira ntimwabakundira. [


Nimubihoze; ni impumyi zirongora izindi! Kandi iyo impumyi irongoye iyindi, zompi zigwa mu kinogo.”


Mwa ndyarya mwe, Yesaya yavuze ukuri igihe yabavugishwako ati:


Wa ndyarya we, tangura ukure inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe, hanyuma ubone gutosora akatsi kari mu jisho rya mugenzawe.


Umwami Yesu abonye uwo muvyeyi, amugirira impuhwe, aca amubwira ati: “Reka kurira!”


abatuma kubaza Umwami Yesu bati: “Ni wewe twari twiteze ko uzoza canke twitege uwundi?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite