Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 13:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Ariko umukuru w’isinagogi ababazwa n’uko Yesu akijije umuntu ku musi w’Isabato. Aca abarira abari aho ati: “Imisi y’ibikorwa ni itandatu. Muzohore muza gukizwa ingwara muri iyo misi, ariko atari ku musi w’Isabato.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Arik’ umukuru w’isinagogi yitonganiriza ivy’ uko Yesu akijije umuntu kw isabato, abgira abantu, ati Harih’ imisi itandatu, ikwiye gukorwakw ibikorwa; abe ari yo muzako mukizwe, ariko hatari ku musi w’isabato.

Gade chapit la Kopi




Luka 13:14
20 Referans Kwoze  

Abafarisayo babibonye, baca baramubwira bati: “Ehe raba abigishwa bawe bariko bakora ikizira ku musi w’Isabato!”


Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe baca bamushinga ijisho kugira ngo barabe ko amukiza, maze bace bamwagiriza ko yakijije umuntu kw’Isabato.


Umugabo yitwa Yayiro, yari umukuru w’isinagogi, araza yikubita imbere y’ibirenge vya Yesu aramwinginga ngo bajane i muhira iwe,


Maze haza umwe mu bakuru b’isinagogi, yitwa Yayiro. Abonye Yesu, apfukama imbere yiwe,


Ndashobora gushinga intahe yuko bafise ishaka ryinshi mu vy’Imana, ariko iryo shaka ryabo ntirihagaze ku bumenyi nyakuri.


Nabo baca basimbira kuri Sositene umukuru w’isinagogi, bamukubitira aho nyene imbere y’inzu y’ubucamanza. Ariko Galiyo ntiyavyitaho.


Kirisipo, umukuru w’isinagogi n’abo mu nzu yiwe bose bizera Umwami Imana, kandi ab’i Korinto benshi bumvirije Pawulo barizera, bongera barabatizwa.


Ibitabu vy’ivyagezwe n’ivy’abavugishwa n’Imana bihejeje gusomwa, abakuru b’isinagogi baca batuma umuntu ababaza ati: “Bene Data, nimwaba mufise ijambo ryo gutera intege ishengero, nimuhaguruke mwigishe.”


Ariko ba Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe barashavura cane, batangura kuja inama babazanya bati: “Yesu tumugire dute?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite