Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 12:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ariko uwuzonyihakana imbere y’abantu, nanje nzomwihakana imbere y’abamarayika b’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Arik’ ūnyihakanira imbere y’abantu, azokwihakanirwa imbere y’abamarayika b’Imana.

Gade chapit la Kopi




Luka 12:9
15 Referans Kwoze  

Nitwihangana, tuzoganzanya na we. Nitwamwihakana, na we azotwihakana.


Umuntu wese azogira isoni zo kunyemera no kwemera amajambo yanje, Umwana w’Umuntu na we azogira isoni zo kumwemera niyagaruka ari mu bwiza bwiwe, mu bwa Data no mu bw’abamarayika biwe bera.


Umuntu niyagira isoni zo kunyemera no kwemera amajambo yanje muri uru runganwe rw’abasambanyi n’abanyavyaha, n’Umwana w’Umuntu na we azogira isoni zo kumwemera aho azozira mu bwiza bwa Se ari kumwe n’abamarayika bera.”


Ariko umuntu wese azonyihakana imbere y’abantu, nanje nzomwihakana imbere ya Data wo mw’ijuru.


Ndazi ibikorwa vyawe. Ehe, nakwugururiye umuryango ata n’umwe ashobora kwugara. Ndazi ko ufise intege nke, ariko wazigamye ijambo ryanje, ntiwanyihakana.


Ariko, nzobishura nti: ‘Nta ho nigeze ndabamenya. Mva i ruhande mwa nkozi z’ibibi mwe!’


Umuntu wese ahakana Umwana, ntaba afise na Data; ariko uwemera Umwana aba afise na Data.


Na we arabishura ati: ‘Ndababwire ukuri, sindabazi!’


Bana nkunda, nimugume muri Kristo kugira ngo aho azohishurirwa tuze dushire amanga, ntitwicwe n’isoni imbere yiwe niyagaruka.


Hanyuma Umwami azohindukira abwire abari i bubamfu bwiwe ati: ‘Mva mu maso mwa bivume mwe, muje mu muriro utazozima wateguriwe Satani n’abamarayika biwe.


Aho Umwana w’Umuntu azozira, ari mu bwiza bwiwe, ari kumwe n’abamarayika biwe, azokwicara ku ntebe yiwe y’inganji.


Ni ko n’abamarayika b’Imana bagira umunezero iyo umunyavyaha umwe yihanye.”


Ariko arabihakana, abwira uwo mugore ati: “Haba na mba, sindanamuzi!”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite