57 Ni kuki mudashobora guca urubanza, mugahitamwo ikibereye?
57 Kandi namwe ubganyu n’iki kibabuza kugenzura ivyo kugororoka?
Nimureke guca imanza mufatiye ku vyo mubona, nimuce imanza zigororotse.”
Mbega mu vyo kamere y’ibintu itwigisha, si ibiterasoni ko umugabo atereka umushatsi,
Iyo bizanye amababi, muca mumenya ko agatasi kari hafi.
Kuko Yohana yaje akabereka inzira yo kugororoka, ariko ntimwamwemeye, yamara abatozakori n’abamaraya baramwemeye. Ivyo mumaze kubibona, ntimwihanye ivyaha vyanyu ngo mumwizere.
Petero aca abandanya ababwira ayandi majambo menshi yo kubinginga no kubahanura, avuga ati: “Nimuhunge uru runganwe rw’inkozi z’ibibi.”
Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, hamwe mwogira ukwizera ntimukekeranye na gatoya, namwe mwoshobora gukora ivyakorewe urya musukoni, mbere mwokora n’ibibirengeye. Mwoshobora no kubwira urya musozi muti: ‘Shinguka witerere mu kiyaga,’ kandi ni ko vyogenda.
Nabe ari mwebwe nyene mwicira urubanza: Mbega birabereye ko umugore asenga Imana adatwikiriye umutwe wiwe?