Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 12:47 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

47 Uwo mukozi yari asanzwe azi ivyo shebuja agomba hanyuma ntavyitegurire ngo abikore, azohanwa bikomeye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

47 Kand’ uwo mushumba yar’ azi ivyo shebuja agomba, ntiyitegure, ntakore ivyo agomba, azokubitwa nyinshi.

Gade chapit la Kopi




Luka 12:47
14 Referans Kwoze  

Umuntu wese azi iciza yategerezwa gukora ntagikore, aba acumuye.


Yesu arabishura ati: “Iyo muba impumyi, ntimwokwagiriwe n’icaha, ariko ko mwemeza ko mubona, icaha canyu kigumaho.”


Ariko uwutanyakiriye akanka n’amajambo yanje azotsindwa n’urubanza; amajambo nababwiye ni yo azomutsindisha ku musi wa nyuma.


Ibihe vy’ubutamenya Imana yaravyihanganiye, ariko ubu ihamagarira abantu aho bari hose kwihana,


Yesu aramwishura ati: “Nta bubasha wari umfiseko iyo utabuhabwa n’Imana. Ni co gituma uwakunshikirije yakoze icaha kiruta icawe.”


Petero aramubaza ati: “Mwami, uwu mugani uwuciriye twebwe gusa, canke uwuciriye bose?”


Shebuja azoshika umusi uwo mukozi atari yiteze ko ashikirako, no kw’isaha atazi. Azomuhimbagura hanyuma amusangize ikibanza n’abatizera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite