Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 12:45 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

45 Ariko vyogenda gute hamwe uwo mukozi yokwibwira mu mutima ati: ‘Databuja yatevye kugaruka,’ hanyuma agatangura gukubita abandi bakozi, akirira, akinywera, akiborererwa?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

45 Arik’ uwo mushumba ni yibgira mu mutima wiwe, ati Databuja aracatevye kuza; maz’ agatangura gukubita abashumba n’incoreke, no kurya no kunywa no kuborerwa,

Gade chapit la Kopi




Luka 12:45
31 Referans Kwoze  

Muri co habonetse amaraso y’abavugishwa n’ay’abera b’Imana, hamwe n’ay’abandi bose biciwe kw’isi.”


Basheshe amaraso y’abera bawe n’abavugishwa bawe, none ubahaye amaraso ngo banywe. Ni yo mpera bakwiriye.”


Babasezeranira umwidegemvyo, ariko na bo ubwabo bakiri abagurano b’ivyonona (kuko umuntu wese ni umugurano w’ikimuganza ico ari co cose).


Bazosubirizwa mu nkoko ibibi bakoze. Birabanezera gukora ibiteye isoni ku murango. Iyo musangira na bo mu gihe c’imisi mikuru, ni agatetereza n’agasembwa muri mwebwe, kandi banezerererwa ubwo bubeshi bwabo.


Kuko abaryama baryama mw’ijoro, kandi n’ababorerwa baborerwa mw’ijoro.


Ndetse mwihanganira n’ababagira abagurano, bakabarenganya bakabanyaga utwanyu, bakishira hejuru, bakabakubita urushi.


Kuko abakora ivyo, ntibariko bakorera Umwami wacu Kristo, ahubwo bakorera inyungu zabo gusa. Amajambo yabo yo kuryosharyosha hamwe n’imvugo nziza, ni vyo bahendesha abantu b’imitima yoroshe.


abandi na bo bafata abakozi biwe barabakubagura, hanyuma barabica.


Ndababwire ukuri, azoshika amuzeza ivyo atunze vyose.


Shebuja azoshika umusi uwo mukozi atari yiteze ko ashikirako, no kw’isaha atazi. Azomuhimbagura hanyuma amusangize ikibanza n’abatizera.


Mwiyubare, imitima yanyu ntiremerwe n’akaborerwe hamwe n’ibihimbaro bijanye na ko, canke imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, kugira ngo uwo musi ntuze ubashikeko giturumbuka,


amubwira ati: “Abandi bantu bose batanga umuvinyu uryoshe cane ubwa mbere, hanyuma abatumire bamaze guhimba, bagatanga uwutaryoshe cane; ariko wewe wagumye uzimana uwuryoshe gushika n’ubu!”


N’abasavyi banje, abagabo n’abagore, muri iyo misi nzobasukako Mpwemu wanje kandi bazovugishwa nanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite