Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 12:42 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 Umwami Yesu aramwishura ati: “Mbega umunyabigega w’umwizigirwa kandi w’umunyabwenge ni nde? Ni uwo shebuja ashobora guha ubukuru bwo kuganza abandi bakozi no kubagaburira mu gihe gikwiye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 Umwami Yesu na we aramubaza, ati Ni nde mubgiriza wo kwizigirwa w’ubgenge, shebuja yosigarana abo mu rugo rwiwe, ngw abagaburire ku ngero yabo igihe kigeze?

Gade chapit la Kopi




Luka 12:42
29 Referans Kwoze  

Mugamburukire abarongozi banyu kandi mukore ivyo babategeka, kuko barinda imitima yanyu, kandi bazobibazwa n’Imana. Muborohereze kugira ngo babikorane umunezero, ata mubabaro, kuko ivyo nta ciza vyobazanira.


Mwibuke abarongozi banyu, babigishije ijambo ry’Imana. Murabe ivyiza vyavuye mu buzima bwabo hanyuma mwigane ukwizera kwabo.


wigishe Ijambo ry’Imana. Wame witeguye mu gihe kibereye n’ikitabereye; wemeze abantu ukuri, uhambarire abari mu bibi, wongere ubaremeshe mu kwihangana kwinshi no mu kwigisha neza.


Abakuru b’ishengero barongoye ishengero neza bakwiye gufatwa neza na canecane abakora igikorwa co kuvuga ubutumwa no kwigisha.


Umwe wese akoresha ingabire yose yahawe n’Imana ku nyungu z’abandi. Muzikoreshe nk’abizigirwa b’Imana bagabura ubuntu bw’Imana bw’uburyo bwinshi.


Umwungere w’ishengero ajejwe gutunganya ishengero ry’Imana. Ni co gituma akwiye kuba inyankamugayo. Ntakwiye kuba umunyabwibone, canke uwutwarwa n’ishavu. Ntakwiye kuba imborerwa, ashwana, canke arondera kuronka inyungu mbi.


Nuko rero mwirinde mwebwe ubwanyu mwongere murinde n’ubusho Mpwemu Yera yabahaye ngo mububere abungere. Muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’umwana wayo.


Bugorovye, nyene umurima abwira uwujejwe ubutunzi bwiwe ati: ‘Hamagara abakozi ubahembe, uhereye ku baje ubwa nyuma, uhereze ku baje ubwa mbere.’


“Mose yabaye umwizigirwa mu nzu y’Imana nk’umukozi,” kugira ngo ashingire intahe ivyo Imana yari igiye kuvuga muri kazoza.


bishitse ngateba, abantu babe baramenya ukwo bakwiye kwigenza mu nzu y’Imana, ari rwo rusengero rw’Imana nzima, rukaba n’inkingi n’urufatiro rw’ukuri.


Umwami Yesu abonye uwo muvyeyi, amugirira impuhwe, aca amubwira ati: “Reka kurira!”


Na we arababwira ati: “Ni co gituma umwigisha wese w’ivyagezwe, iyo ahindutse umwigishwa mu Bwami bw’ijuru, agereranywa n’umuntu yinjira mu nzu yiwe, agakura mu bubiko bwiwe ivyiza bishasha hamwe n’ivya kera.”


abatuma kubaza Umwami Yesu bati: “Ni wewe twari twiteze ko uzoza canke twitege uwundi?”


Azoba ahiriwe uwo mukozi shebuja azosanga akora gutyo niyagaruka.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite