Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 12:33 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

33 Nimugurishe ivyo mutunze, mubihe aboro. Mwironderere imifuko ibika amahera itazoshira, n’ubutunzi budahera bwo mw’ijuru, aho abasuma badashika, n’imiswa itazobwonona.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Mugure ivyo mufise, mutange ibiguzi vyavyo kubg’ ubuntu; mwibarīrire imipfuko idashira, ubutunzi budashira buri mw ijuru, ahatēgērwa n’igisuma, ata n’inyenzi zōnōna:

Gade chapit la Kopi




Luka 12:33
14 Referans Kwoze  

Yesu aramwishura ati: “Nimba ugomba kuba uwutunganye rwose, genda, ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”


Yesu yumvise iyo nyishu aca amubwira ati: “Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”


Bagurisha amatongo n’ivyo batunze vyose, bakagabura amahera, bivanye n’ubukene bw’umwe umwe wese.


Umve ndababwire: Ubutunzi bwanyu bwo mw’isi nimubukoreshe mu kwironderera abagenzi, kugira ngo nibwahera muzokwakirwe mu mazu y’ibihe bidashira.


Uko ni ko bizogenda kuri abo bose biyegeraniriza ubutunzi bwabo ariko badatunze mu buryo bw’Imana.”


Bageragejwe n’ivyago vyinshi kandi bafise ubworo bw’akaburarugero. Ariko bafise umunezero usagutse, wagaragariye mu gutanga kwabo.


Ivyo ntiyabivuze abitewe no kubabara aboro, ariko yabitewe n’uko yari umusuma. Ni we yari ajejwe ububiko bw’amahera y’abigishwa, kandi kenshi yarayihako akayakoresha ivyiwe.


Nuko rero nimuhe aboro ku vyo mufise, maze ibindi vyose kuri mwebwe bizoba bihumanuwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite