Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 12:30 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Kuko n’abantu bo mu mahanga yose yo kw’isi na bo ivyo ni vyo birukira ubudahumeka, ariko mweho So wo mw’ijuru arazi ko ivyo vyose mubikeneye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Kukw ivyo vyose abanyamahanga bo mw isi ari vyo bitwaririka, ariko So arazi ko mukena ivyo.

Gade chapit la Kopi




Luka 12:30
13 Referans Kwoze  

Ivyo ni vyo abatizera Imana birukira ubudahumeka; ariko mweho So wo mw’ijuru arazi ko ivyo vyose mubikeneye.


Ntimugire nka bo, kuko Data wo mw’ijuru azi neza ivyo mukeneye imbere y’uko munabimusaba.


Nuko ndababwira ibi kandi ndabihanikiriza mw’izina ry’Umwami: ntimukwiye kuguma mubaho nk’uko Abanyamahanga babaho, mu gukurikiza ivyiyumviro vyabo bitagira ikimazi.


Yewe busho buto, ntutinye kuko So wo mw’ijuru bimuhimbara kuguha Ubwami.


Uko ni ko na So wo mw’ijuru atagomba ko hagira n’umwe muri barya bato azimira.


mudatwarwa n’ivyipfuzo vy’umubiri nk’abapagani batazi Imana.


kuko mutazovuga ivyo mwigeneye, ariko muzovuga ivyo muhawe na Mpwemu wa So azoba abavugiramwo.


Nimwaramutsa incuti zanyu gusa, ni igiki muzoba murushije abandi? Mbega abatizera Imana bo ntibabigenza batyo?


Yesu aramubwira ati: “Ntumfatire, kuko ntaraja kwa Data. Ahubwo genda ubwire bene Data ko mvuze nti: ‘Ngiye kuduga kwa Data ari we So, Imana yanje ari yo Mana yanyu.’ ”


Mwirinde ntimukore ibikorwa vyo kugororoka murondera gushimwa n’abantu. Kuko nimwabikora gutyo, So wo mw’ijuru ntazobaha impera.


Kandi ntimugashire umutima ku vyo muzorya canke muzonywa; ntimukiganyire kuri ivyo.


Ahubwo nimubanze mwitwararike Ubwami bw’Imana, ivyo na vyo izobibaha nk’inyongera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite