26 Nimba mutishoboza ikintu gito nk’ico, ni kuki mwiganyira ku bindi?
26 Nuko ni mutāshobora gukora igito rwose, n’iki gituma mwiganyira ibindi?
Muyikorere ingorane zanyu zose kuko irabitayeho.
Kandi ntimugashire umutima ku vyo muzorya canke muzonywa; ntimukiganyire kuri ivyo.
Ni co gituma ndababwiye nti: ntimukiganyire kubera ivyo mukeneye kugira ngo mubeho; vyaba ivyokurya, ivyo kunywa, canke ivyo kwambara. Mbega ubuzima ntiburuta cane ivyokurya canke umubiri nturuta cane ivyambarwa?
Ni nde muri mwebwe yoshobora kwiyongera akanya na gatoya ko kubaho kubera kwiganyira?
Nimwitegereze ingene amashurwe yo ku misozi akura. Ntakora kandi ntajisha impuzu. Ariko ndababwiye ko na Salomo ubwiwe mu cubahiro ciwe cose atigeze ashaza nka rimwe muri yo.