Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 12:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Yesu aramwishura ati: “Ni nde yangize umucamanza wanyu n’umuhagarikizi wo kubagaburira ivyanyu?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Aramubaza, ati Mbega wa mugabo, ni nde yanshizeho kuba umucamanza wanyu, canke kubagaburira ivyanyu?

Gade chapit la Kopi




Luka 12:14
11 Referans Kwoze  

None wewe ucira imanza abandi, kandi ukora nk’ivyo bakora, wibaza ko uzokira urubanza rw’Imana?


Ariko none uri nde wewe ngo uharirize Imana? Mbega ikibumbano cobwira uwakibumvye kiti: “Ni kuki wambumvye gutya?”


None rero, wewe ushobora kwibaza ko wocira imanza abameze batyo, ariko nawe umeze nka bo nta co wokwireguza. Kuko nimba ucira imanza abandi kandi ukora nk’ivyo bakora, na wewe uba wiciriye urubanza.


Na we aramwishura ati: “Oya, nyakwubahwa.” Yesu aramubwira ati: “Nanje nta rubanza ndagucira. Niwigire ariko ntugasubire gukora icaha.”]


Yesu amenye ko bagira baze ngo bamwimike ku nguvu nk’umwami, aca asubira ku musozi ari wenyene.


Yesu abonye ukwizera kwabo, avuga ati: “Mugenzi, ivyaha vyawe urabihariwe.”


Haciye akanya, uwundi muntu aramubona, avuga ati: “Na wewe uri umwe muri bo.” Petero yishura uwo muntu ati: “Eka sindi kumwe na bo.”


Umwe mu bari ngaho abwira Yesu ati: “Mwigisha, mbwirira uwo tuvukana yemere tugabure ivyo twarazwe.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite