Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 12:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Muri ako kanya nyene, abantu ibihumbi n’ibihumbi bariko baragwirirana, gushika aho ata waronka aho ahonyora. Yesu aca atangura kubigisha ahereye ku bigishwa biwe, abagabisha ati: “Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo, ari bwo buryarya.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mur’ ico gihe, ishengero ry’abantu ibihumbi vyinshi rikoranira kuri we, bakandagirana, ahēra ku bigishwa biwe, arababarira, ati Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo, ni wo buryarya.

Gade chapit la Kopi




Luka 12:1
18 Referans Kwoze  

Mwiyambure rero ingeso mbi zose. Muve mu bubeshi, uburyarya, ishari, hamwe n’amajambo mabi yose.


Ariko ubwenge buva mw’ijuru ubwa mbere na mbere buratunganye rwose; bukunda amahoro, ntibwishira imbere, buciye bugufi, bwuzuye imbabazi, bwama ivyamwa vyiza, ntibugira nkunzi, ntibugira uburyarya.


Mwa ndyarya mwe, ko mushobora gutahura ibimenyetso vy’ibihe murabiye ku biba kw’isi no kw’ijuru, ni igiki kibabuza gutahura ivy’iki gihe?


Kuko ivyo nahawe ari vyo nabashikirije nk’ivy’igiciro vya mbere: ko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk’uko Ivyanditswe bibivuga,


Bavyumvise bashima Imana, hanyuma bamubwira bati: “Mwene Data, ehe raba ingene ibihumbi vyinshi vy’Abayuda bizeye, kandi bose buzuye ishaka ryo kwubahiriza ivyagezwe vya Mose.


Muzobona ibara kuko mumeze nk’imva zitaboneka, abantu bakazicako batabizi.”


Hanyuma Yesu ava kuri uwo musozi amanukana na bo, bashika ahantu hateze, bahasanga isinzi ry’abigishwa biwe, hamwe n’abandi bantu benshi bari baje bava i Yudaya, i Yerusalemu, no mu micungararo y’intara za Tiro na Sidoni yegereye ikiyaga,


Yamara inkuru za Yesu zirushirizaho kumenyekana, abantu isinzi bakama baza aho ari kumwumviriza no kugira ngo abakize ingwara.


Umusi umwe Yesu yari ku nkengera y’ikiyaga c’i Genezareti, akikujwe n’isinzi ry’abantu bariko bumviriza ijambo ry’Imana.


Ariko mwebwe mwegereye Umusozi Siyoni, igisagara c’Imana nzima, Yerusalemu yo mw’ijuru, aho abamarayika ibihumbi n’ibihumbi bama bakoraniye mu munezero.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite