Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 11:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Uduharire ivyaha vyacu, kuko natwe duharira umuntu wese aducumuyeko. Ntudutererane ibitugerageza.’ ”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 uduharire ivyaha vyacu, kuko natwe duhebera abari n’imyenda yacu bose; kandi ntutujane mu bitwosha nabi.

Gade chapit la Kopi




Luka 11:4
31 Referans Kwoze  

Nimube maso musenge kugira ngo ntimutsindwe n’amageragezwa. Kuko umutima urabikunze ariko umubiri ufise intege nke.”


Mushigikirane kandi mubabarirane iyo umuntu agize ico apfa na mugenziwe. Mubabarirane nk’uko Umwami Yesu yabababariye namwe.


Uko ni ko na Data wo mw’ijuru azobagirira nimutaharira bene So bivuye ku mutima.”


Kuko Imana mu guca imanza, abatazogirirwa imbabazi ni abanse kuzigirira abandi. Ariko abagira imbabazi bazozigirirwa, kuko imbabazi zirengeye urubanza!


Umwami Imana azonkiza ibitero vy’umwansi vyose, kandi azontahukana amahoro mu bwami bwiwe bwo mw’ijuru. Icubahiro kibe iciwe ibihe vyose, Amen.


Ariko Umwami ni umwizigirwa, azobakomeza yongere abarinde wa mubi.


Nta kibagerageza cabashikiye kidashikira abandi. Kandi Imana ni iyo kwizigirwa, ntizobareka ngo mugeragezwe n’ivyo mudashobora kwihanganira. Mu gihe co kugeragezwa, izobacira inzira kugira ngo mushobore kuvyihanganira.


Sindagusavye ngo ubakure mw’isi, ariko ndagusavye ngo ubarinde wa mubi.


Arababaza ati: “Ni kuki musinziriye? Nimuvyuke, musenge kugira ngo ntimutsindwe n’amageragezwa.”


Hari abandi bantu bameze nk’isi yo ku rutare. Abo na bo iyo bumvise ijambo ry’Imana, baryakirana umunezero, ariko kubera ritagira imizi muri bo, bizera akanya gato. Hagize ibibagerageza, baca bata ukwizera.


Ko witondeye ibwirizwa ryanje ryo kwihanganira ibikugerageza, nanje nzokurinda ibihe vy’amagorwa bigiye kuza kw’isi yose kugerageza abayibako.


Ntuterwe ubwoba n’imibabaro ugiye gucamwo, kuko wa mubi agiye gushira bamwe muri mwebwe mw’ibohero kugira ngo akugerageze. Muzobabazwa imisi cumi. Ariko niwaguma mu bwizigirwa gushika ku gupfa, nzoguha igitsibo c’ubugingo.


Yongera ababwira ati: “Dufate ko umwe muri mwebwe afise umugenzi, akaja iwe hagati mw’ijoro, akamubwira ati: ‘Mugenzi, ntabara ungurane imikate itatu.


Canke mwibaza ko bamwe cumi n’umunani bapfa igihe umunara wabagwako i Silowamu bari abanyavyaha kurusha ababa i Yerusalemu bose?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite