Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 11:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 None nimba Beyelizebuli ari we anshoboza kwirukana abadayimoni, abigishwa banyu bo babishobozwa na nde? Ni co gituma ari bo bazobatsindisha.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Ariko jewe namba Beyezebuli ari we anshoboza gusenda abadayimoni, abana banyu bashobozwa na nde kubasenda? Ni co gituma ari bo bazobatsindisha.

Gade chapit la Kopi




Luka 11:19
10 Referans Kwoze  

Yohana aramubwira ati: “Mwigisha, twabonye umuntu yirukana abadayimoni mw’izina ryawe, duca turamubuza kuko atari kumwe natwe.”


Noneho turazi ko ivyo ivyagezwe vyigisha biraba abaganzwa na vyo, kugira ngo ntihagire uwuronka ico yireguza kandi isi yose iboneke ko ikwiye gutsindwa n’urubanza rw’Imana.


Shebuja aramwishura ati: ‘Ngira ndagucire urubanza mfatiye ku vyo wivugiye wewe nyene, wa mukozi mubi we! Nimba wari uzi ko ndi umuntu agoye, nanura ivyo ntanikiye, nkimbura ivyo ntarimye,


Nuko inkuru ziwe zikwiragira hose, gushika no muri Siriya. Bamuzanira abarwayi bose: abafise ububabare butandukanye, ababoshwe n’abadayimoni, abarwaye intandara, hamwe n’abatikakaza kubera bababara mu mubiri; bose arabakiza.


Umwigishwa akwiye kugera ku rugezo rw’umwigisha wiwe, kandi umukozi akwiye kugera ku rugezo rwa shebuja. Nimba umukuru w’inzu bamwise Beyelizebuli, mbega abo mu nzu yiwe ntibazorushiriza kubita gutyo!


Maze Abayuda bamwe bigenera kugenda hirya no hino, bagerageza kwirukana impwemu mbi ngo zive mu bantu bakoresheje izina ry’Umwami Yesu. Bavuga bati: “Mw’izina rya Yesu, umwe Pawulo yigisha, ndagutegetse muvemwo!”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite