Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 11:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Ariko bamwe muri bo bavuga bati: “Ni Beyelizebuli, umukuru w’abadayimoni amushoboza kwirukana abadayimoni.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Ariko bamwe muri bo baravuga, bati Beyezebuli, umukuru w’abadayimoni, ni we amushoboza gusenda abadayimoni.

Gade chapit la Kopi




Luka 11:15
11 Referans Kwoze  

Ariko Abafarisayo bo baravuga bati: “Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza kwirukana abadayimoni.”


Benshi muri bo bavuga bati: “Aboshwe n’umudayimoni kandi arasara. Ni kuki mumwumviriza?”


Abayuda bumvise ayo majambo baramubwira bati: “Ubu rero turatahuye neza ko uboshwe n’umudayimoni! Yaba Aburahamu canke abavugishwa n’Imana barapfuye, none wewe uvuze ngo: ‘Umuntu wese yumvira amajambo yanje ntazokwigera apfa!’


Abayuda baramwishura bati: “Ntitwihenze aho twavuga ko uri Umusamariya kandi ko uboshwe n’umudayimoni!”


Abantu benshi baravuga bati: “Wewe uboshwe na dayimoni. Ni nde ashaka kukwica?”


Umwigishwa akwiye kugera ku rugezo rw’umwigisha wiwe, kandi umukozi akwiye kugera ku rugezo rwa shebuja. Nimba umukuru w’inzu bamwise Beyelizebuli, mbega abo mu nzu yiwe ntibazorushiriza kubita gutyo!


Nuko inkuru ziwe zikwiragira hose, gushika no muri Siriya. Bamuzanira abarwayi bose: abafise ububabare butandukanye, ababoshwe n’abadayimoni, abarwaye intandara, hamwe n’abatikakaza kubera bababara mu mubiri; bose arabakiza.


Hanyuma bamuzanira umuntu aboshwe n’umudayimoni amutera kuba impumyi n’ikiragi. Nuko Yesu akiza uwo muntu, aca aravuga kandi arabona.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite