Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 11:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Nimba mwebwe mushobora guha ingabire nziza abana banyu kandi muri babi mu mitima, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza guha Mpwemu Yera abamumusavye?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha Mpwemu Yera abamumusavye?

Gade chapit la Kopi




Luka 11:13
30 Referans Kwoze  

Nimba mwebwe mushobora guha ingabire nziza abana banyu kandi muri babi mu mitima, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza guha ivyiza ababimusavye!


Yesu aramwishura ati: “Iyo uba wari uzi ingabire y’Imana, akamenya n’uwugusavye amazi yo kunywa uwo ari we, wari kumusaba na we akaguha amazi y’ubugingo.”


Ko itimanye Umwana wayo bwite, ariko ikamutanga ku bwacu twese, mbega ntizorushiriza kutugabira vyose hamwe na we?


Petero arabishura ati: “Umuntu wese muri mwebwe niyihane, abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo, kugira ngo ivyaha vyanyu bibone guharirwa, ni ho muzoronka ingabire ya Mpwemu Yera.


Kuko nimwaharira abantu ibibi babakoreye, na So wo mw’ijuru azobaharira namwe.


Ivyo ni vyo abatizera Imana birukira ubudahumeka; ariko mweho So wo mw’ijuru arazi ko ivyo vyose mubikeneye.


Arababwira ati: “Mu gusenga mukwiye kuvuga muti: ‘Data, izina ryawe niryubahwe, Ubwami bwawe nibuze.


Nimba Imana yambika gutyo ivyatsi vyo ku misozi, biriho uno musi ariko ejo bikazotererwa mu ziko, mbega ntizorushirizaho kubambika, yemwe ab’ukwizera guke!


kugira ngo mumere nk’abana ba Data wo mw’ijuru, kuko atuma izuba ryiwe ryakira ababi n’abeza akagwishiriza imvura abagororotse n’abatagororotse.


Uko ni ko mukwiye kureka umuco wanyu ukakira imbere y’abantu kugira ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, hanyuma bahimbaze So wo mw’ijuru.


Ndazi neza ko, muri kamere kanje k’icaha ata ciza kimbamwo, kuko naho nipfuza gukora ibigororotse, sindabishobora.


Ni ivy’ukuri ko kubera icaha c’umuntu umwe, urupfu rwashitse ku bantu bose. Ariko, biciye ku wundi muntu umwe, ari we Yesu Kristo, Imana yahaye abana b’abantu ivyiza birengeje: yabagiriye ubuntu butagira akagero ibemera ko bagororotse kandi yemera ko bazoganzanya na Kristo mu buzima.


Natwe twahora turi imburabwenge, turi abagarariji, twarahenzwe twongera tugirwa imbohe n’ivyipfuzo vy’ibihimbaro vy’ubwoko bwose. Twari twuzuye ubugunge n’ukwipfuza, twankwa kandi twankana hagati yacu.


Canke amusavye igi akamuha sikoropiyo?


Mbega Imana ntizotunganiriza abo yatoranije, bayitakambira ijoro n’umurango? Mbega mwibaza ko izobatevya?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite