10 Kuko uwusaba wese arahabwa, uwurondera araronka, n’uwudodora arugururirwa.
10 Kuk’ ūsaba wese ahabga; ūrondera aronka; ūramutsa yugururirwa.
Mbere n’iyo musavye ntimuhabwa, kuko musaba mufise intumbero mbi, mushaka gukoresha ivyo muronse mu bihimbaro vyanyu.
Nk’uko mubizi, abashoboye kwihangana tubita abahirwe. Mwarumvise ukwihangana kwa Yobu kandi mwarabonye ivyo Umwami Imana yamuhaye mu nyuma. Umwami Imana yuzuye impuhwe n’ikigongwe.
Yesu aca abacira umugani, kugira ngo abereke ko bakwiye kwama basenga, ntibadendebukirwe.
Umuntu niyagusaba ikintu ukimuhe, kandi uwugomba ko umugurana ntumwirengagize.
Kuko uwusaba wese arahabwa, uwurondera araronka, n’uwudodora arugururirwa.
Ni co gituma nanje ndababwiye nti: ‘Musabe muzohabwa, murondere muzoronka, mudodore muzokwugururirwa.’
Ni nde muvyeyi muri mwebwe umwana yosaba ifi akamuha inzoka?