9 Mukize abarwaye, mwongere mubabwire muti ‘Ubwami bw’Imana burabegereye.’
9 mukize abarwaye baho, mubabgire mut’ Ubgami bg’Imana burabēgereye.
avuga ati: “Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi.”
Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kwinjira mu Bwami bw’Imana atavyawe n’amazi na Mpwemu.
‘N’umukungugu wo mu gisagara canyu uri ku birenge vyacu turawukunkumuye kugira ngo bibabere icagiriji, ariko mumenye neza ko Ubwami bw’Imana bubegereye.’
Yama yigisha ivy’Ubwami bw’Imana n’ivya Yesu Kristo, ashize amanga rwose kandi ata ntambamyi.
aca abarungika kwigisha ivy’Ubwami bw’Imana no gukiza abarwaye.
Nuko rero nimumenye ko ivy’ako gakiza k’Imana n’Abanyamahanga babishikirijwe, kandi bo bazokakira!” [
Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kubona Ubwami bw’Imana, atavutse ubwa kabiri.”
birukana abadayimoni benshi kandi basiga amavuta abarwaye benshi, barabasengera barakira.
Yesu yongera kuvuga ati: “Mbega Ubwami bw’Imana twobugereranya n’iki? Twokoresha uwuhe mugani mu kubusigura?
Kuva ico gihe Yesu aca atangura kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha, ati: “Nimwihane kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi.”
Ariko nimwinjira mu gisagara ntibabakire, muzoje mu mayira yaho, muvuge muti: