Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 10:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Muze mugume muri iyo nzu nyene, mufungura kandi munywa ivyo babahaye, kuko umukozi wese abereye impembo yiwe. Ntimuze muve mu nzu muja mu yindi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kand’ iyo nzu nyene muze muyigumemwo, murya munywa ivyo babahaye; kuk’ umukozi akwiye ingero yiwe. Ntimugende murarāraguza.

Gade chapit la Kopi




Luka 10:7
18 Referans Kwoze  

Uwaruhiye kw’isuka ni we yari akwiye kuba uwa mbere mu kurya ivyeze vyo mu mwimbu wiwe.


Uwigishijwe Ijambo ry’Imana, akwiye gusangira ivyiza vyose afise n’uwarimwigishije.


Aho bazobakira, muzogume muri iyo nzu nyene gushika muvuye muri ico gisagara.


Inzu muzokwinjiramwo bakabakira, muze muyigumemwo kugeza muvuye aho hantu.


Ikindi ni uko bashobora kuba ibinebwe, bakama bayerera inzu ku nzu bavuga urusaku, bita mu bitabaraba bongera bavuga ivyo batotegerejwe kuvuga.


Nuko abajana iwe, arabagaburira, kandi we n’abo mu nzu yiwe bose buzura umunezero kuko bari bizeye Imana.


We n’abo mu nzu yiwe bamaze kubatizwa, aca aradutumira iwe avuga ati: “Nimba mubona ko ndi uwizera Umwami Yesu, nimuze mube iwanje.” Nuko aratugobera gushika twemeye.


Pawulo na Silasi bavuye muri iryo bohero baca baja kwa Lidiya, babonana n’abandi bene Data, babatera intege mu kwizera, baca baragenda.


Nimwasanga abo muri iyo nzu ari abanyamahoro, umuhezagiro wanyu uzoba kuri bo. Atari uko na ho, umuhezagiro wanyu uzobagarukako.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite