Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 10:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Igihe cose mwinjiye mu nzu y’umuntu, muzobanze muramutse muti: ‘Amahoro abe kuri iyi nzu.’

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Inzu yose muzokwinjiramwo, muze mubanze muvuge, mut’ Amahoro abe mur’ iyi nzu.

Gade chapit la Kopi




Luka 10:5
9 Referans Kwoze  

Yaraje ababwira inkuru nziza y’amahoro mwebwe abanyamahanga mwari kure, abwira amahoro n’Abayuda bari hafi.


Yesu aca avuga ati: “Uwu musi agakiza kinjiye muri iyi nzu, kuko uwu na we ni umwana wa Aburahamu.


Murazi ijambo Imana yarungikiye Abisirayeli, ryavuga Inkuru Nziza y’amahoro abonerwa muri Yesu Kristo, ari we Mwami wa bose.


Ntihagire amahera, isakoshi canke ibirato vyo gukuranya mwitwaza; kandi ntimuramutse abantu mu nzira.


Nimwasanga abo muri iyo nzu ari abanyamahoro, umuhezagiro wanyu uzoba kuri bo. Atari uko na ho, umuhezagiro wanyu uzobagarukako.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite