Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 10:38 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

38 Nuko Yesu n’abigishwa biwe babandanije urugendo, bashika mu mihana, ahaba umugore yitwa Marita, na we abaha ikaze iwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

38 Maze bariko baragenda bashika mu mihana: umugore yitwa Marita aramwākīra amushikiza mu nzu yiwe.

Gade chapit la Kopi




Luka 10:38
10 Referans Kwoze  

We n’abo mu nzu yiwe bamaze kubatizwa, aca aradutumira iwe avuga ati: “Nimba mubona ko ndi uwizera Umwami Yesu, nimuze mube iwanje.” Nuko aratugobera gushika twemeye.


Nihagira umuntu aza aho muri akazana inyigisho zitandukanye n’izi, ntimuze mumwakire mu nzu zanyu canke ngo mumuramutse.


Wa mwigisha w’ivyagezwe aramwishura ati: “Ni uwo yamugiriye impuhwe.” Yesu aca aramubwira ati: “Genda nawe ukore uko.”


Ariko Marita we yari yatwawe n’ibikorwa vyinshi vyo gutegura inzimano. Nuko abaza Yesu ati: “Mwami, mbega nta co bikubwiye kubona mwene mama yantanye ibikorwa? Mubwire aze amfashe.”


Ariko Umwami Yesu aramwishura ati: “Marita, Marita, reka guhagarika umutima, wigora muri vyinshi.


Yasoni ni we yabahaye indaro, kandi bariko barenga amategeko ya Kayisari, bavuga ko hariho uwundi mwami yitwa Yesu.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite