Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 10:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Nimugende! Ndabarungitse nk’intama mu bikoko vy’inkazi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ni mugende; rāba mbatumye muri nk’abana b’intama mu mabingira hagati.

Gade chapit la Kopi




Luka 10:3
14 Referans Kwoze  

Ndabarungitse nk’intama mu bikoko vy’inkazi. None rero, mwiyubare nk’inzoka kandi mwitonde nk’inuma.


Ndazi ko ninamara kugenda hazokwaduka abigisha b’ibinyoma bameze nk’amabingira y’inkazi binjire muri mwebwe, kandi bazogirira nabi ubusho.


Bazobirukana mu masinagogi, kandi igihe kiraje aho abazobica bazokwibaza ko bariko bakorera Imana.


Mwibuke ivyo nababwiye: ‘Umukozi ntaruta shebuja.’ Nimba barampamye, namwe bazobahama. Nimba barakurikije inyigisho zanje, bazokurikiza n’izanyu.


Muzokwankwa n’abantu bose babampora. Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azokira.


Mwirinde abavugishwa b’ibinyoma, baza muri mwebwe bambaye nk’intama inyuma, ariko imbere muri bo bameze nk’ibikoko vy’inkazi.


amusaba amakete atwara mu masinagogi y’i Damasiko, kugira ngo nihagira uwo basanga akurikira inzira y’Umwami Yesu, baba abagabo canke abagore, ace abatwara nk’imbohe i Yerusalemu.


Umucangero arahunga iyo abonye ibingira rije. Arata intama agahunga kuko atari umwungere wazo kandi intama zitari iziwe, maze rya bingira rikitera mu ntama rikazishwiragiza.


Kandi jewe ubwanje nzomwereka imibabaro yose akwiye gucamwo ku bw’izina ryanje.”


Ntihagire amahera, isakoshi canke ibirato vyo gukuranya mwitwaza; kandi ntimuramutse abantu mu nzira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite