Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 1:75 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

75 mu kwera no mu kuyigororokera imisi yose yo kubaho kwacu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

75 Tur’ abera tugororoka mu nyonga zayo imisi yacu yose.

Gade chapit la Kopi




Luka 1:75
19 Referans Kwoze  

hanyuma mwambare umuntu mushasha, yaremwe ngo ase n’Imana mu bugororotsi bw’ukuri no mu kwezwa.


Kuko turi ibiremwa vy’Imana, yaturemye gusha muri Kristo Yesu kugira ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo yari yaraduteguriye gukora kuva kera.


Kuko Imana ni yo yadukijije, iduhamagarira kubaho ubuzima bwejejwe. Ivyo ntiyabikoze kuko twari tubibereye, ariko ni ku bw’umugambi wayo n’ubuntu bwayo. Ubwo buntu twabuherewe muri Kristo Yesu ibihe bitarabaho,


Kuva isi itararemwa, Imana yari yaramaze kudutoranya muri Kristo, kugira ngo tube abejejwe batagira ico bagawa mu nyonga zayo. Kubera urukundo rwayo,


Imana ntiyaduhamagariye kuba abahumanye, ariko ishaka ko tugira ubuzima bwejejwe.


Ariko birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, bene Data bakundwa n’Imana, kuko muri nk’ivyeze ubwa mbere Imana yatoranirije ngo mukizwe biciye mu gikorwa c’ukweza ca Mpwemu no mu kwizera ukuri.


Bene Data, twarababwiye uko mukwiye kwigenza kugira ngo munezereze Imana, kanatsinda ni ko mubayeho. Ubu naho turabasaba tubinginga mw’izina ry’Umwami Yesu ngo murushirize.


Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uze umwite Yesu, kuko ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo.”


ko azodukiza agahahazo k’abansi bacu, akadushoboza kumukorera ata bwoba,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite